Ayavugwa mw’igura n’igurishwa ry’abakinyi: Raphinha, Richarlison, Eriksen, De Jong, Evanilson, Hojberg, McGinn

Raphinha
Insiguro y'isanamu, Raphinha
Yatangajwe

Arsenal iriko irasatira kugira irabe ko yoronka umusatirizi wa Brezili Raphinha asanzwe akina muri Leeds United, mu gihe Barcelona isa n’iyakuye akarenge mu rugamba rwo kurondera uyu mukinyi w’imyaka 25. (Goal - in Spanish)

Chelsea yahambije Tottenham mu rugamba rwo kurondera umusatirizi wa Brezili Richarlison w’imyaka 25 asanzwe akina muri Everton, iyi nayo ikaba imushakako imiriyoni 50 z’amapawundi. (Mail)

Marina Granovskaia, yari asanzwe ajejwe igisata kijejwe kugura abakinyi muri Chelsea igihe uno murwi w’aba Blues wari mu minwe ya Roman Abramovich, ariteguye kuwuvamwo. (Guardian)

West Ham iriteguye gutanga imiriyoni zababa 30 z’amapawundi kugira irabe ko Chelsea yoyiha umusatirizi w’umunya Albania Armando Broja w’imyaka 20, inyuma yo kuvyitwaramwo neza muri Southampton yari yatijijwemwo mu mwaka w’inkino uheze. (Sky Sports)

Umumenyereza mushasha wa Manchester United Erik ten Hag yasavye uyu murwi ko wogura Eriksen n’umukinyi wo hagati wa Barcelona umunya-Hollande akina hagati Frenkie de Jong w’imyaka 25. (Goal)

Frenkie de Jong
Insiguro y'isanamu, Frenkie de Jong

Tottenham yaravuganye n’uruhande rw’umukinyi wo hagati, umunya Danemark Christian Eriksen mu ndwi ziheze ariko ntiyabandanije ibiganiro ku vyerekeye uyu mukinyi w’imyaka 30 yahoze ari muri uno murwi, akaba yamaze igihe c’umwaka w’inkino uheze muri Brentford. (Football London) 

Igiciro c’imiriyoni 55 z’amapawundi gitangwa na Manchester United ku musatirizi w’umunya-Brezili Evanilson canswe na Porto ariko uyo murwi w’i Old Trafford utegura ikindi gitero kugira urabe ko woronka uyu mukinyi w’imyaka 22. (O Jogo, via Mail)

Inyuma y’aho inaniriwe kugura umukinyi w’inyuma w’umunya-Hollande Jurrien Timber w’imyaka 21, Manchester United ishobora guhindukirira mugenziwe bakinana muri Ajax Lisandro Martinez. Uyu mukinyi w’inyuma w’umunya-Argentina w’imyaka 24 asanzwe kandi aronderwa na Arsenal. (Mirror)

Manchester United kandi iriko irasatira kugira ngo irabe ko yoronka umukinyi wo ku ruhande wa Ajax, umunya-Brezili Antony w’imyaka 22 ku miriyoni 40 z’amapawundi. (Sun)

Antony
Insiguro y'isanamu, Antony

Paris St-Germain igiye gusubira kurondera umukinyi w’inyuma wa Inter Milan umunya-Slovakia Milan Skriniar w’imyaka 27. (Fabrizio Romano)

Inter igiye kubonana n’umukinyi w’inyuma wa Torino umunya-Brezili Bremer w’imyaka 25 mu gihe itanguye kurondera kumusubiriza. (Fabrizio Romano)

Leeds iriko iriyumvira ingene yogura umukinyi wo hagati wa RB Leipzig umunyamerika Tyler Adams w’imyaka 23, mu kwitegurira igenda rya Kalvin Phillip ashobora kwimukira muri Man City. (Mail)

Umumenyereza wa Manchester City Pep Guardiola avuga ko yipfuza ko umukinyi wiwe wo hagati, umunya Portugal Bernardo Silva w’imyaka 27, akurikiranwa na Barcelona, yoguma muri uno murwi watahukanye ihiganwa ry’Ubwongereza Premier League, ariko akongerako y’uko atipfuza kugumya abakinyi “batanezererewe” no kuba muri uno murwi. (Metro)

Bernardo Silva
Insiguro y'isanamu, Bernardo Silva
Skip podcast promotion and continue reading
BBC Gahuza WhatsApp
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Aston Villa irashaka kwumviriza aboza barondera umukinyi wayo wo hagati, umunya-Ecosse John McGinn w’imyaka 27, muri rino ci. (Football Insider)

Umukinyi wo hagati wa Misiri Trezeguet w’imyaka 27, ari hafi yo kuva muri Aston Villa kugira yimukire muri Trabzonspor yo muri turukiya ku miriyoni zitatu z’amapawundi. (Mail)

Umumenyereza wa Nottingham Forest Steve Cooper, ari na we yafashije uyu murwi gutera intambwe ugashika muri Premier League mu mwaka w’inkino uheze, ari hafi yo gutera igikumu ku masezerano mashasha y’igihe kirekire muri uyu murwi. (Nottinghamshire Live)

Forest iri mu biganiro bigeze kure mu rugamba rwo kurondera umusatirizi w’umunya-Nigeria Taiwo Awoniyi w’imyaka 24 asanzwe akina muri Union Berlin yo mu Budagi ku giciro kitari bwigere kibaho kuri uyu murwi mushasha muri Premier League c’imiriyoni 17.5 z’amapawundi. (Telegraph - subscription required)

Hagati aho, Forest ishobora kutaronka uyu mukinyi Awoniyi kuko ashobora kwanka na rirya aronderwa n’iyindi mirwi itari mike. (Football Insider)

Umukinyi wo hagati wa Danemark Pierre-Emile Hojberg avugwa ko ashobora kuva muri Tottenham ariko aba ba Spurs nta mugambi bafise wo kugurisha uyu mukinyi w’imyaka 26. (Football London)