Abana b'abahungu batabawe muri Zambia inyuma yo kunyuruzwa ngo bagenyerwe

Ahavuye isanamu, DAILY MAIL
- Umwanditsi, Kennedy Gondwe
- Igikorwa, BBC News, Lusaka
- Yakoze inkuru ari, BBC News, Lusaka
- Yatangajwe
- Igihe co gusoma: iminota 3
Abana b'abahungu 48 bo muri Zambia baratabawe mw'ikambi bagenyereramwo, inyuma y'ibirego vyatanzwe n'abavyeyi bamwe bihebuye bavuga ko abana babo banyurujwe.
Indongozi zaganiriye na BBC zemeje ko umwe muri abo bana yari ku miti y'umugera wa Sida (VIH/HIV) kandi yari amaze amayinga abiri atayifata.
Mu migirwa yo mu muco kama ikorwa mw'ibanga, abahungu bafise imyaka iri hagati ya 10 na 17 baramara amezi ashika kuri 6 bari ahantu ha bonyene mw'ishamba.
Abategetsi bavuze ko aho hantu hari ku nkengera z'umuji wa Livingstone, hafi y'uruhongore kama rw'inyamaswa, hashinzwe ata ruhusha rutanzwe - bavuga ko abo bana bugaraniwe ahantu hari imicafu bakaba no mu buzima bubi cane.
Batatu mu bana batabawe baragiye mu bitaro gato - abandi baja kuvurwa kubera ingorane batewe no kugenyerwa hakoreshejwe inzembe.
Nk'uko bivugwa n'iradiyo n'imboneshakure vy'igihugu ca Zambia (ZNBC), umwe muri abo bana yari arwaye bilharziose, ingwara idakira yandukira biciye mu mazi acafuye ibangamira gukura n'ubwonko bw'abana.
Iradiyo n'imboneshakure vy'igihugu bivuga ko aho bakorera uwo mugirwa, hari hamaze amayinga abiri hashinzwe, haciye haturirwa.
Abashinze amakambi nk'ayo baja kurondera abana b'abahungu batagenyerewe bakabagirira uwo mugirwa uzwi nka “mukanda” - rimwe na rimwe baja mu mashuri kandi bakinjira ku nguvu mu masomero gutora abo bana bageze kugenyerwa.
Abavyeyi babo ntibabimeyeshwa n'abigisha birabagora guhangana n'amayeri y'ugucokora. Abana bamwe bagenda ku bushake ariko benshi babijamwo ku nguvu bakabwirwa ko badashobora guca kubiri n'imico kama.
Uwashinze iyo kambi yatewe ivyatsi ku wa mbere na Mainga Kabika, umukozi mukuru wo mu bushikiranganji bw'uburinganire.
Niwe yagiye arongoye umurwi w'indongozi zo mu bushikanganji butandukanye igihe baja i Livingstone gutohoza imyidogo y'abavyeyi. Livingstone ni akarere kagenderwa n'ingenzi ziza kuratira ijisho amazi y'amasumo ya Victoria.
Kabika yavuze ati: “Turashaka kubungabunga imico kama yacu ariko utegerezwa gukurikiza amategeko. Ntushobora gukora ibintu bidakurikije amategeko uko wishakiye."
Nk'uko bivugwa n'ikinyamakuru Zambia’s Daily Mail, bamwe muri abo bana barahohotewe n'abari bashinzwe iyo kambi inyuma y'aho bagerageje gutoroka mw'ijoro - harimwo n'umwana yari akeneye imiti yo gupfupfahaza umugera wa Sida.
Abavyeyi baravuze ko bahamagawe ku materefone basabwa kuriha $75 (arenga 200.000 mu marundi kun rugero rwo muri banki) , naho batigeze baha abana babo uruhusha rwo kubijamwo.
Naho muri Zambia kugenyera abahungu bikorwa mu bitaro vya reta n'ivyo abigenga - rimwe na rimwe bigashishikarizwa nk'inzira yo kugabanya kwandura umugera wa Sida - imiryango imwe imwe bahitamo kubikora mu buryo bw'imico ya kera.
Uwo mugirwa ukunda gukorwa mu karere ko mu bumamuko mu gihe c'imbeho nyinshi kugira bagabanye ububabare bujana no gukira - naho uwo mugenzo washiriweho kuba urugero fatiro rwo kwihangana.
Abana baba bitezwe kwihanganira ububabare n'ubuzima bugoye - nk'akarorero baryama hasi ata burengeti bafise - kugira berekane ko bavuye mu bwana baja mu bagabo.
Umugenzo ukorwa mw'ibanga rikomeye - ni umuco utavugirwa hejuru kandi n'abagore ntibemerewe kwegera ahantu bagenyera.
Kabika yavuze ati: “Ni gute ugumana aba bana mu gihe abavyeyi batabibemereye, ni ivyo umugenzo uvuga?” .
Billy Milimo, umunyamabanga w'ibiro vy'akarere k'indero i Livingstone, yarashimye iyo ngingo, avuga ko uwo mugenzo wari ubangamiye ikibano.
Nk'uko vyanditswe na Daily Mail, Billy yavuze ati: “Ntushobora kwibaza ingene turyohewe. Abigisha bacu bazohimbarwa kandi batambe."
Nyene ikambi yari yabanje gufatwa ariko ararekurwa abanje guhabwa itegeko ryo guturira ahahora iyo kambi - yari igizwe n'utuzu tw'ibiti - yari iri ku rubibe rw'uruhongore kama rwa Mosi-Oa-Tunya hafi y'itongo ry'abapfuye.

Ahavuye isanamu, DAILY MAIL











