Batatu baraye babuze ubuzima mu Burundi

burundi umuco
Insiguro y'isanamu, Ubunywero Umuco buri muri zone Buterere
Yatangajwe

Abo bishwe harimwo abana 2 barashwe n’abantu bitwaje ibirwanisho bateye ku muhana wabo, I Nyamutenderi muri komine kanyosha, intara ya Bujumbura rural, n'umwe yatewe igisase ntezwantoke ari mu bunywero buri muri zone Buterere.

Umuvyeyi umwe w'abo bana na sewabo barakomeretse aho I Nyamutenderi, mu gihe mu kindi gitero cabaye ku bunywero buzwi kw'izina rya " Umuco" hakomeretse abandi indwi.

burundi attack
Insiguro y'isanamu, Abantu icenda ni bo baraye bakomeretse

Umwe mubakomerekeye muri ubwo bunywero, asanzwe ari na ho akora, avuga ko ico gitero cabaye nk'isaha imwe y'ijoro, kandi batigeze babona uwubateye.

Uwurongoye komine Kanyosha, iri ku birometero 5 uvuye ku mugwa mukuru Bujumbura, Jean Berchmans Munzerere, ahiciwe abo bana babiri, yabwiye BBC ko abo bantu bateye i Nyamutenderi, bagiye basahuye amahera, ariko ko bataramenya icatumye baca bica abo bana.

Hari inkuru zitaremezwa, zivuga ko ubwo bwicanyi bwoba bujanye n’imvo za politike.