Kenya irarondera abayo batwawe na Al Shabaab

Al Shabaab yemeza ko yishe abasirikare ba Kenya ijana
Insiguro y'isanamu, Al Shabaab yemeza ko yishe abasirikare ba Kenya ijana
Yatangajwe

Umukuru w'igisirikare ca Kenya avuga ko batanguye igikorwa co kurondera muri Somalia, abasirikare Al Shabaab ivuga ko yagize imbohe.

General Samson Mwathethe ivyo yabivugiye ku kibuga c'indege i Nairobi, aho yariko arakira abasirikare bakomeretse.

Al Shabaab ivuga ko abasirikare ijana ba Kenya bari mu mugwi AMISOM biciwe mu gitero co kuwa gatanu.

Abo barwanyi baramaze kugaba ibitero ku bigo vyinshi vy'abasirikare b'ishirahamwe ry'ubumwe bwa Afrika mu mezi aheze, bica abasirikare benshi.