DRC: Abantu 25 nibo bagandaguwe buca ari ubunani

Ingabo za DR Congo, FARDC
Insiguro y'isanamu, Ingabo za DR Congo, FARDC, zimaze igihe zirwana n'inyeshamba za ADF
Yatangajwe

Abategetsi bo mu buseruko bwa Repubulika y'Intwaro Rusangi ya Congo batangaza ko n'imiburiburi abantu 25 bishwe mu gitero kivugwa ko cakozwe n'umuhari Allied Democratic Forces, ADF.

ADF ni umwe mu mirwi yitwaje ibirwanisho iharurwa muri mirongo igisibije mu buseruko bw'ico gihugu.

Yagirizwa ko uyu mwaka urangiye yagandaguye abasivize baharurwa mu majana.

Aba baguye muri iki gitero cakozwe mu kigwati ca Tingwe kiri mu karere ka Beni mu ntara ya Kivu y'Uburaruko hafi bose bari abarimyi bari bigiriye mu mirima yabo buca ari ubunani.

Abarwanyi ba ADF bavugwa ko babicishije inkoho abandi bakakata imitwe bakoresheje imipanga.

Umutegetsi w'akarere avuga ko abasirikare ba Congo batututse ku biziga vy'aba bantu igihe bariko barakurikirana aba barwanyi.

Uyu muhari ADF watanguye mu myaka ya 1990 nk'umuhari warwanya ubutegetsi bwa Uganda ukorera mu buseruko bwa Congo.

Nta ntumbero ya politike nyezina uyu muhari wigeze ugira, ariko umaze imyaka itari mike ugisibije muri ako karere.

Bimwe mu bitero ukora bisa n'ibifise intumbero yo guhana abanyagihugu yagiriza ko bakorana canke bagatanga amakuru ku gisirikare ca Congo.