Trump yariyandikiye ikete ryemeza ko akomeye

Trump niwe yavuga ivyandikwa mw'ikete ry'amagara yiwe mu 2015
Insiguro y'isanamu, Trump niwe yavuga ivyandikwa mw'ikete ry'amagara yiwe mu 2015
Yatangajwe
Igihe co gusoma: iminota 2

Umuganga yahora avura Donald Trump yavuze ko atariwe yanditse ikete ryo mu 2015 ryasigura ukwo amagara y'uwo mukandida w'umu Républicain yifashe, aho vyavuzwe ko ari "meza ku buryo butangaje", niko itangazamakuru rya Amerika rivuga.

"Bwana Trump yaransomeye ikete ryose," niko Harold Bornstein yabwiye ikinyamakuru CNN.

Ibiro vy'umukuru w'igihugu White House ntaco vyashikirije kuri ayo majambo w'uwo muganga.

Bwana Bornstein yavuze kandi ko uwucungera ubuzima bwa Bwana Trump yateye ibiro vyiwe mu kwezi kwa kabiri 2017, atwara ivyegeranyo vyose bivuga ku magara ya Trump.

Mu kiganiro yagiranye na CNN, Bwana Bornstein yavuze ko muri iryo kete ryo mu 2015 vyavugwa ko Bwana Trump ariwe wa mbere afise "amagara meza cane igihe yoba atowe kurongora igihugu" ariko ngo ntiyigeze amupima.

"[Bwana Trump] yaransomeye ivyo nandika mw'ikete, nkamubwira ivyo adakwiye gushiramwo," niko avuga.

Iryo kete ryasinywe na Bwana Bornstein risigura ko inguvu za Bwana Trump "zitangaje"
Insiguro y'isanamu, Iryo kete ryasinywe na Bwana Bornstein risigura ko inguvu za Bwana Trump "zitangaje"

Ntibiramenyekana igituma Bwana Bornstein ashikirije ayo majambo muri kino gihe.

Tambuka X ubutumwa
Uremeye ibiri kuri X?

Iyi nkuru irimwo ivyatanzwe na X. Dukeneye uruhusha rwawe imbere yuko bigushikira, kuko birashobora kuba bikoresha cookies hamwe n'ubundi buhinga. Wobanza ugasoma aha X amategeko agenga cookien'ayagenga ubuzima bwite imbere yuko wemera. Kugira ubibone hitamwo 'emera hanyuma ubandanye'.

Uragaba: Ibitangwa n'izindi mbuga bishobora kubamwo gutangaza

Impera ya X ubutumwa

Ni ibiki biri mw'iryo kete?

Iryo kete ryarimwo ivyegeranyo ku nguvu za Bwana Trump, vyavugwa ko "zitangaje".

Igipimo ciwe c'umurindi w'amaraso hamwe n'isuzumwa ryo muri "laboratoire" vyavuzwe ko ari "vyiza cane", bikavugwa kandi ko yataye ibiro 7 uwo mwaka.

Mw'ivyo vyegeranyo havugwa ko ata bimenyetso vy'indwara ya "cancer" afise, kandi ko atigeze abagwa mu ngingo.

Haheze indwi ico cegeranyo gisohowe, Bwana Trump yarungitse ubutumwa bwa Twitter, ko icegeranyo ca Bwana Bornstein cerekanye ko vyose vyifashe neza.

"Ndanezerewe ko mva mu biti binoze,"niko Trump yavuga mu gihe yari abaye umukuru w'igihugu wa mbere akuze kurusha abahitiye mu mateka ya Amerika.

Mu kwezi kwa mbere kw'uno mwaka, Bwana Trump yasuzumwe gatatu bihweza ko yoba afise ingorane zo mu mutwe.

Umuganga wa Prezida Trump avuga Prezida Trump akomeye neza
Insiguro y'isanamu, Umuganga wa Prezida Trump avuga Prezida Trump akomeye neza

Umuganga amukurikirana muri White House, Dr Ronny Jackson, yavuze ico gihe ko ata makenga afise ko Trump akomeye, ko n'udutsi dushikana ku bumenyi tumeze neza.