Abantu babiri bahitanywe n'igitero muri Burkina Faso

Abantu babiri bapfuye inyuma yaho igisasu giturikiye mu gitondo mu gisagara ca kabiri kinini c'igihugu, Bobo-Dioulasso mu gihugu ca Burkina Faso.
Ico giturika cabereye mu bubiko bwa "douane" bw'inzira y'indarayi isaha 05:40, gihitana umugore yariko aragira isuku hamwe n'umukozi wa "douane" w'umugabo.
Ikibanza gikikuje aho vyabereye cazibiwe, ariko umukozi wa leta yabwiye BBC Afrique ko ivyabaye bitofatwa nk'igitero c'iterabwoba.
Kw'itariki 2 Ukwezi kwa Gatatu, abantu 16 barapfuye abandi 80 barakomereka, mu bitero bibiri vyabaye ku mugwa mukuru Ouagadougou.
Imodoka irimwo bombe yaraturikijwe mu kigo c'ibiro bikuru vya gisirikare mu gitero ca mbere, abantu bafise ibigwanisho barasa ku buserukizi bw'Ubufaransa mu ca kabiri.
Umugwi ugendera ku vyiyumviro vya Islamu wo muri Mali, Jama at nusrat al-islam wal-muslimin, niwo wemanze ko wagavye ivyo bitero.






