Abantu barenga 30 bahitanywe n'umuriro muri Korea y'epfo

Yatangajwe
Abantu mirongo itatu n'umwe bapfuye abandi benshi barakomereka bazize umuriro wadutse mu bitaro bimwe mu gihugu ca Korea y'epfo .
Abategetsi bavuga ko igitigiri c'abapfuye gishobora kwongerekana bivuye ku bakomeretse.
Bizwi ko uwo muriro watanguye mu kibanza bavuriramwo indembe mu bitaro vya Sejong, mu bumanuko bushira ubuseruko bw'ico gihugu.
Abantu barenga 100 bivugwa ko bari muri ivyo bitaro.
Amafoto ari ku mbuga ngurukanabumenyi, yerekana abajejwe kuzimya umuriro bariko baragerageza kuwurwanya mu gihe haboneka n'umwotsi mwinshi.
Mu mwaka uheze, abantu 29 barapfuye mu gisagara ca Echeon muri Korea y'epfo, abandi barakomereka inyuma y'aho hadukiye umuriro mu kibanza kiberamwo imyimenyerezo.






