Ubushakashatsi: Manchester City iri mu kibanza ciza co gutsinda ihiganwa mu Bwongereza

Ahavuye isanamu, Getty Images
Mw'ihiganwa ryo mu Bwongereza hamaze gukinwa inkino indwi gusa, ariko hari imigwi myinshi imaze kwerekana ko ishobora gutsinda iri higanwa.
Ikompanyi iraba ihiganwa ya Gracenote Sports, ivuga cane cane uko inkino zizogenda, yahinduye ivyo yari yavuze vyerekeye uwuzotsinda ihiganwa ry'uyu mwaka, ko azoba ari Man City hakuba Chelsea.
Iyo kompanyi kandi ivuga ko umugwi wa Crystal Palace uzobandanya ku manuka gushika mu kibanza ca nyuma, mbere imanuke no mu cicaro ca kabiri.
Gracenote ikoresha ubuhinga bwayo bwo gutondeka imigwi ku rutonde rwa Euro Club Index, mu gutondeka imigwi itandukanye, hanyuma igakoresha inyabwonko zerekana ibizova mu nkino mw'ihiganwa ryose kugwiza imiliyoni mukwihweza ingene imigwi izoba ikurikirana mu mpera y'ihiganwa.
City izocako United
Chelsea ni yo yashirwa imbere mu ntango ry'ihiganwa na yo City vyavugwa ko izoba iri mu kibanza ca kabiri hanyuma United mu kibanza ca gatanu.
Ariko iyo igwi ibiri ya Manchester yatanguye itsinda mu ntango ry'irushanwa ry'uyu mwaka, mbere n'amanota yayo arangana, barushana ibitsindo gusa.
City ifise amahigwe yo gutsinda ihiganwa ku bice 47%, United na yo 24% hanyuma Chelsea 13%.
Spurs bayishira mu kibanza ca kane hanyuma Arsenal mu kibanza ca gatanu, Liverpool mu kibanza c'indwi.
Crystal Palace ifise ingorane
Crysta Palace batanguye ihiganwa bamenyerezwa na Frank de Boer hanyuma bazana Roy Hodgson.
Ariko baratsinze inkino zose imaze gukina muri uyu mwaka.
Gushika ubu ntibaratsinda igitego na kimwe.
Mu gihe botsindwa urukino rukurikira ruzobahuza na Chelsea, izoba ibaye nka Manchester United yo mu 1931 yatsinzwe inkino nyinshi zikurikiranya mw'ihiganwa ryo mu Bwongereza.











