Amashirahamwe mvamakungu asabwa kwerekara ingene ubwoko buserukiwe, Amnesty International ifise amakenga

Pascal Barandagiye umushikiranganji w'intwaro yo hagati asaba amashirahamwe mvamakungu kwerekana ingene amoko aserukiwe
Insiguro y'isanamu, Pascal Barandagiye umushikiranganji w'intwaro yo hagati asaba amashirahamwe mvamakungu kwerekana ingene amoko aserukiwe
Yatangajwe

Ishirahamwe Amnesty International risaba leta y'u Burundi guhagarika ingingo yo gusaba amashirahamwe mvamakungu kwerekana ubwoko bw'abakozi bayo mu buryo bwo kwerekana ingene amoko aserukiwe.

Kuri uyu wa gatanu, nico kiringo ntarengwa catanzwe n'ubushikiranganji bw'intwaro yo hagati kuri ayo mashirahamwe ngo yerekane ingene bagiye baratanga akazi hisunzwe uburinganire hagati y'ibitsina n'amoko.

Kubwa Amnesty International, ryaba ibwirizwashingiro canke amasezerano y'amahoro ya Arusha yo mu 2000, nta na hamwe havugwa ivyo uburinganire hagati y'amoko canke y'igitsina mu gisata cigenga.

Avugana na BBC, Rachel Nicholson ajejwe ubushakashatsi muri iryo shirahamwe, avuga ko bafise amakenga kuko "ari ubwa mbere basavye ivyo biharuro bimenyerewe mu bisata vya leta n'umutekano".

Wewe abona ko ari ukwinjirira birenze urugero itunganywa ry'ayo mashirahamwe mpuzamakungu.

Ati: "Ikiduteye amakenga cane kurusha ni uko umushikiranganji w'intwaro yo hagati, hampande y'ugusaba ibiharuro vy'ingene amoko aserukiwe mu bakozi b'ayo mashirahamwe, yanasavye ko imbere y'amazina berekana ubwoko bw'umwe umwe wese mu bakozi bayo".

Ku bw'iwe, "ko haba umugambi wo gukura ubwo busumbasumbane mu mashirahamwe ni ikintu ciza cane, kuko niyo ntumbero y'iyi ngingo".

Ati: "Ariko dufatiye ku ndyane n'amacakubiri vyagiye vyibonekeza muri kahise, gusaba ubwoko bw'umwe umwe wese ni ukurenga umurongo utukura".

Vyatanguye gute?

Mu 2017, leta y'u Burundi yarasohoye itegeko rishasha rigenga amashirahamwe mvamakungu akorera mu Burundi, kandi yose yarateye igikumu kuri iryo tegeko, mu kwiyemeza ko agiye gukurikiza ibiri muri ryo.

Kimwe mu vyo yiyemeje, harimwo ingingo ya 18 ivuga ko "Mu gutanga akazi ku bakozi bo mu gihugu ayo mashirahamwe azokwama yubahiriza ubungane hagati y'amoko n'igitsina, nk'uko biri mw'Ibwirizwashingiro ry'u Burundi".

Umupfasoni Rachel avuga ko iryo tegeko riterekana neza ingene iyo ngingo itegerezwa gushirwa mu ngiro, n'aho leta yagiye ifata ingingo zitandukanye muri iyo ntumbero.

Rachel ati: "Mu 2018, amashirahamwe mvamakungu yose yarahagaritswe ikiringo c'amezi atatu, asabwa gusaba no kwiyandikisha gushasha kugira ashobore kubandanya akorera mu gihugu.

"Kimwe mu vyasabwa harimwo ko yerekana ingene mu kiringo c'imyaka itatu azoba yakosoye ubusumbasumbane hagati y'amoko mu gihugu".

"Aho bitandukaniye muri kino gihe, ni uko umushikiranganji yategetse ko buri mukozi wese ategerezwa kwerekanwa ubwoko bwiwe, ivyo navyo bikaba bitari muri iryo tegeko rigenga amashirahamwe mvamakungu".

Umupfasoni Rachel avuga ko leta iterekana neza ico izokoresha ayo makuru, akaba afise ubwoba ko ashobora gukoreshwa mu "kuvangura abantu mu buryo butandukanye".

Harimwo iki mu masezerano ya Arusha?

Mu masezerano y'amahoro ya Arusha yo mu 2000, abari mu biganiro barumvikanye ingene ubwoko bwoserukirwa mu nzego z'igihugu, cane cane mu butegetsi no mu gisirikare.

Ivyo vyari kugira ngo ntihagire ubwoko na bumwe bwiganzira urwego kanaka nk'uko vyari bimeze mu butegetsi bw'imbere y'aho bwari bwiganziwe n'ubwoko bw'abatutsi.

Hagati aho, mu gisata cigenga ntaco ayo masezerano yakivuzeko, ivyatumye ubusumbasumbane bwama bwibonekeza.

Imwe mu ntumbero y'itegeko rishasha rigenga amashirahamwe mpuzamakungu akorera mu Burundi ryo ku wa 23/01/2017 ni ugukosora ubwo busumbasumbane bwibonekeza muri ayo mashirahamwe.

Inyuma y'iryo tegeko, leta y'u Burundi yaremeje mu kwa gatanu kw'umwaka uheze integuro y'itegeko-bwirizwa rishinga umurwi uzoba ujejwe gutora abakozi bakora muri ayo mashirahamwe, mu ntumbero yo gukosora ubwo busumbasumbane.

Kuva ubu, mu maraporo ayo mashirahamwe agiye kuza aratanga uko amezi atandatu aheze, azokwama yerekana abakozi bayo, akazi kabo mw'ishirahamwe, igihugu avamwo, igitsina hamwe rero n'ubwoko.

Ivyo vyerekanwa n'urwandiko ubushikiranganji bw'intwaro yo hagati bwarungikiye ayo mashirahamwe kuwa 13 z'uku kwa kabiri ruvyerekana.