West Brom irodegera umugahagrikizi mu rukino na Arsenal

Ahavuye isanamu, Reuters
Yatangajwe
Umumenyereza w'umugwi West Brom Tony Pulis aridogera umusifuzi avuga ko yabimye penaliti, akongera akavuga ko Alexis Sanchez yigwishije ata wamukozeko mu rukino rwaheze Arsenal itsinze 2-0.
Ku bw'uwo mumenyereza, umusifuzi Bobby Madley ngo yategerezwa gutanga penaliti ku kosa ryakorewe Jay Rodriguez.
"Muri urwo rukino igihe Sanchez asunikiwe, yarigwishije kandi yategerezwa guhanwa. Ubwo n'ubusuma," niko Pulis yabwiye ikinyamakuru Sky Sports.
"Munyuma igihe bategeye Jay mu kibanza ca penaliti, penaliti yategerezwa gutangwa."
Ibitsindo bibiri vy'aba Gunners vyinjijwe na Lacazette, akaba yaciye agira ibitsindo 4 mu nkino zitandatu.
Arsenal yaciye ija mu kibanza c'indwi, n'amanota 10.






